Amasengesho ya misi yose umukristo wese akwiye gusenga.
Reka dusenge.
« Dawe, urakoze guhishura umutima wawe biciye ku masengesho y’Umutumwa Paulo.
Uyu musi, ndagusavye impwemu y’ubwenge n’uguhishurirwa mu kumenya wewe.
Ugurure amaso y’umutima wanje. Mfasha kumenya ivyizigiro vy’umuhamagaro wawe. Nyereka ubutunzi bw’iragi wampaye muri Kristu. Reka ntahure vy’ukuri ubunini burengeye ubw’ububasha bwawe busanzwe bukora muri jewe.
Nkomeza n’ububasha bwa Mpwemu wawe mu muntu wanje w’imbere. Reka Kristo abe muhira bimwe bishitse mu bijanye n’ubuzima bwanje bwose. Nshire imizi cane mu rukundo rwawe.
Nshingira intahe mu buntu bwawe. Nzuza ubwuzure bwawe bwose. N’uzuzuze kumenya ivy’ubugombe bwawe mu bwenge bwose no mu gutahura kwose kw’impwemu. Nyigisha kugenda mu buryo bukwiriye. Ubuzima bwanje bube ubw’imbuto. Nutume nguma nkura mu bumenyi bwawe.
Unkomeze n'ububasha bwawe bw'ubuninahazwa, kugira ngo mbashe kwihanganira ivyanje vyose nezerewe. Rinda umutima wanje amaganya.
Nyigisha kuzana imbere yawe ikintu cose nsaba n’ugukenguruka. Amahoro yawe aganze umutima wanje n’ubwenge bwanje. Mfasha kwiyumvira ivy’ukuri, ivy’icubahiro, ivy’ubutungane, ivy’ukuri, ivy’igikundiro n’ivy’icubahiro. Nyigisha kubaho nkoresheje inkomezi za Kristo atari inkomezi zanje bwite. Data, aya masengesho abe atari amajambo ari ku rupapuro. Nibibe ikirere co kugendana namwe ku musi ku musi mw’izina rya Kristo Yezu. Ndagukunda. Urakoze kunkunda mbere."
English: Daily Prayers Every Christian Should Pray.
Let's pray.
"Father, thank you for revealing your heart through the prayers of the Apostle Paul.
Today, I ask you for a spirit of wisdom and revelation in the knowledge of you.
Open the eyes of my heart. Help me to know the hope of your calling. Show me the riches of the inheritance you have given me in Christ. Let me truly understand the exceeding greatness of your power that is already at work within me.
Strengthen me with might by your Spirit in my inward man. Let Christ be completely at home in every area of my life. Root me deeply in your love.
Establish me in your grace. Fill me with all your fullness. Fill me with the knowledge of your will in all wisdom and spiritual understanding. Teach me to walk in a manner worthy of you. Make my life fruitful. Cause me to grow continually in the knowledge of you.
Strengthen me with your glorious power so that I may endure every circumstance with joy. Guard my heart from anxiety.
Teach me to bring every request before you with thanksgiving. Let your peace rule my heart and my mind. Help me to think on what is true, what is honorable, what is just, what is pure, what is lovely, and what is of good report. Teach me to live from the strength of Christ and not from my own strength. Father, let these prayers become more than words on a page. Let them become the atmosphere of my daily walk with you in Christ Jesus' name. I love you. Thank you for loving me first."
No comments:
Post a Comment